Ngozi : Umugabo yagirizwa gusambana n’umukobwa wiwe yaciriwe gupfungwa ubuzima bwose

Sentare Nkuru y’intara ya Ngozi yaciriye gupfungwa ubuzima bwiwe bwose Evariste MINANI yagirizwa gushurashuza umukobwa wiwe Evelyne HABONIMANA, uwo nawe aciribwa gupfungwa umwaka umwe n’amezi atandatu.

Mu rubanza rwabaye kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 21 Ntwarante 2018, sentare nkuru ya Ngozi yagirije Evariste MINANI ivyaha bitatu, arivyo kugoka ku kizira mu gusambanya abana biwe, gusambanya abana biwe batatu ku nguvu, gufata bunyamaswa abana biwe.

Evariste MINANI, ariyemerera kuryamana n’umukobwa wiweEvelyne HABONIMANA w’imyaka 21,ariko ko baba bavyumvikanye, ibindi vyaha yagirizwa ariko ,arabihakana.

Hejuru y’ugupfungwa, Evariste MINANI yahawe ibindi bihano, birimwo gutakaza ububasha bw’ubuvyeyi ku bana biwe , gutakaza amateka y’ubwenegihugu agenga abantu n’ivyabo , hamwe n’ayagenga imiryango.

Evariste MINANI yari yahagaritswe kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante 2018, ariko asambana n’umwana wiwe w’umukobwa HABONIMANA Evelyne.

Publicités