Bujumbura : Amahiganwa ahuza amashure ageze mu gice ca nyuma

Abanyeshure bakina inikino zitandukanye bagize igihugu cose batsinze mu mahiganwa yo mu gice ca mbere gishira ica nyuma bariko bahiganirwa igikombe mu nkino zitandukanye ziriko zibera mu gisagara ca Bujumbura, kuva kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 24 na 25 Ntwarante 2018.

Ibibuga bitatu, ENS, ETS hamwe n’ikibuga c’i Gikungu aho benshi bita TOYOTA niho izo nkino ziriko zirabera, zikaba zihuza abahungu ukwabo n’abakobwa ukwabo.

Abo banyeshure bariko bakina bahiganira gutahukana igikombe, mu mupira w’amaguru, umupira w’amaboko (Basketball), Volleyball hamwe na Handball.

Vyitezwe ko imigwi izotwara igikombe izoba ironse amahirwe yo kuja mu mahiganwa y’abanyeshure bagize akarere ka Afrika y’ubuseruko yiswe FEASSA, ihiganwa rizobera mu gihugu c’Urwanda.