Bujumbura : Igiporisi cahagaritse abantu batatu bagirizwa ubusuma

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko abasuma batatu bahagaritswe mw’ijoro ryo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 23 Ntwarante 2018, mu bice bibiri bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano avuga ko uwa mbere yahagaritswe ari HABONIMANA Célestin ava mu ntara ya Kayanza, yahagarikiwe hafi y’igituro kidandaza igitoro Naomi co mu Kinindo.

Pierre NKURIKIYE avuga ko HABONIMANA Célestin yahagaritswe hafi isaha zitandatu z’ijoro n’igice zo kur’uyu wa gatanu,afise umupanga.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko abandi bahagaritswe ari abasuma babiri bafatiwe mu Nyabugete, bafise amaradiyo, amamatera, imbugita, n’ibikoreshwa mu gutanga umuyagankuba uvuye ku mishwarara y’izuba.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko abo basuma babiri, bafatanywe kandi, ibikoresho bakoresho mu kwugurura amazu, imbere y’uko biba ibirimwo.

Publicités