Pierre Nkurunziza: Umurundi yahora aba muri Amerika yagirizwa ubwicanyi yarungitswe mu Burundi

Umurundi azwi kw’izina rya NKURUNZIZA Clément yahora aba mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika yashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura kuri uwu wa kane, yirukanwe muri ico gihugu yahora abamwo, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi. Uwo murundi yashikiye mu minwe y’igiporisi kubera ivyo yagirizwa.

Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko Clément NKURUNZIZA ariko abazwa kuvyo yagirizwa ko afise uruhara mu bwicanyi bwakozwe kuri Kaminuza y’Uburundi mu mwaka w’1995.

Uwo murundi yirukanwe muri Amerika mu gihe vyari vyasabwe ko yoshikirizwa ubutungane bw’Uburundi kugira bumubaze kuvyo yagirizwa.

Petero NKURIKIYE avuga ko ku mpapuro yaje afise, berekana ko yirukanwe kubera yaba muri Reta zunze ubumwe za Amerika adafise impapuro zimuha uburenganzira bw’ukuba muri ico gihugu.

Mu giporisi bavuga ko amatohoza niyahera, Clément NKURUNZIZA azoshikirizwa ubutungane.

Publicités