Kinama : Umuhungu n’umukobwa bakomerekejwe na gerenade

Umuhungu n’umukobwa barakomerekejwe na gerenade yatewe,muri zone Kinama, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, mw’ijoro ryo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 23 Ntwarante 2018.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko iyo gerenade yatewe nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro, kw’ibarabara rya gatandatu, riri muri quartier Bubanza, muri zone Kinama.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko, uwo muhungu n’umukobwa batewe iyo gerenade n’umuntu ataramenyekana, igihe bariko baganirira mw’ibarabara, baca barakomereka.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko uwo mukobwa n’umuhungu baciye bajanwa kuvurirwa, ku bitaro vy’abaganga batagira imbibe, muri quartier ya Kigobe, mu gisagara ca Bujumbura.

Publicités