Kayanza : Igiporisi cahagaritse umukobwa yataye umwana mu Ruvubu

Umukobwa wo ku mutumba Rushubi, komine Muhanga, intara ya Kayanza,yarataye umwana wiwe mu ruzi Ruvubu, ku mugoroba wo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 23 Ntwarante 2018. Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko ikiziga c’uwo mwana kitaratorwa.

Uwo mukobwa azwi kw’izina rya IRANKUNDA Jeanine, yataye umwana wiwe BITANGIMANA Clovis, amaze ukwezi kumwe avutse, mu ruzi Ruvubu nk’igihe c’isaha icumi na zibiri zo kur’uyu wa gatanu.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko IRANKUNDA Jeanine yamaze guhagarikwa, ubu akaba apfungiwe mu gasho k’igiporisi, muri komine Muhanga.