Leta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’ibihugu bacuditse vya Buraya birukanye abaserukira igihugu c’Uburusiya ku bijanye n’igitero c’ubumara ku musumyi w’urusaku wa kera w’umurusiya cakorewe mu Bwongereza.
Prezida wa Amerika Donald Trump yategetse ko aba « diplomates » b’abarusiya 60, bava mu gihugu.
Ubudagi, Ubufaransa, Ukraine hamwe n’ibindi bihugu vyo mu Muryango wa Buraya navyo nyene vyabikoze ukwo.
Uburusiya bwavuze ko buzihora bukurikije ukwo igihugu kimwe kimwe kizoba cabigenjeje.
Uburusiya burahakana kugira uruhara na ruto mu gitero cagabwe kuri Sergei Skripal n’umukobwa wiwe i Salisbury, mu bumanuko bw’Ubwongereza.
Uwo mugabo n’umukobwa wiwe bari mu bitaro, ariko ngo ntibaremvye cane.
Umuvugizi mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburusiya n’amakungu, Maria Zakharova, yaneguye inyifato y’Umuryango wa Buraya, avuga wabikoze ushaka gusa kwifatanya n’Ubwongereza.
Abategetsi bo mu Muryango wa Buraya bemeje mu ndwi iheze, ko bisa cane n’aho Uburusiya buri inyuma y’ico gitero c’ubumara.
Muri Amerika, abakozi 48 bo mu Buserukizi bw’Uburusiya birukanywe ngo baba muri ambasade y’Uburusiya ya Washington, abandi nabo ngo baba mu ya Onu i New York.
Amerika ngo yasavye ko na « consulat » ya Seattle yugagwa.
Itangazo rya Amerika rivuga riti: « Mu kwezi kwa Gatatu itariki 4, Uburusiya bwakoresheje ubumara bwa gisirikare kurondera kwica umunyagihugu w’Ubwongereza n’umukobwa wiwe i Salisbury.
« Iki gitero ku ncuti yacu, Ubwongereza, catumye ubuzima bw’abanyagihugu b’intungane bugeramigwa, abantu batatu barakomereka, barimwo umupolisi. »
Ivuga kw’ico gitero « cahonyanze amasezerano yapfunditswe ku bigwanisho vy’ubumara « Chemical Weapons Convention » congera gihonyanga amasezerano mpuzamakungu.
Prezida wa Ukraine Petro Poroshenko yavuze ko ingingo yo kwirukana aba « diplomates » 13, yayifashe mu kwifatanya n’abo bakorana bo mu Bwongereza no mu karere ka Atlantique, abanje kwumvikana n’ibihugu vyo mu muryango w’ibihugu vya Buraya.