Amerika : Amashirahamwe 7 yo muri Pakistani yafatiye ibihano

Amashirahamwe 7 yo muri Pakistani yafatiye Ibihano na Reta zunze ubumwe za Amerika kubera yagirizwa kugira uruhara mu rudandazwa rw’ubumara bwa Nikreyeri.

Reta zunze ubumwe za Amerika ntizihanganira urudandazwa rw’ubumara bwa Nikreyeri kuko zaranafashe ibihano nk’ivyo ku mashirahamwe 15 yo muri Sudani na rimwe ryo muri Singapour.

Ayo mashirahamwe yafatiwe ibihano na Reta zunze ubumwe za Amerika yagirizwa kubangamira inyungu z’ico gihugu gifise mu makungu, nk’uko bishikirizwa n’igisata ca Amerika kijejwe ubudandaji.

Ivyo bihano bije mu gihe imigengeranire hagati ya Pakistani na Reta zunze ubumwe za Amerika isa n’iyatitutse, kuko Pakistani yagirizwa gufasha abarwanyi batera Amerika n’ibindi bihugu biri muri Afganistani ariko Pakistani ikavyamirira kure.

Publicités