Igiporisi nticemeza ifatwa ry’umukuru w’umugambwe RANAC

Georges NIKIZA, umuvugizi w’umugambwe RANAC amenyesha ko Aloys BARICAKO, umukuru w’uwo mugambwe yafashwe ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere n’iperereza mu ntara ya Karusi, akaba yaraye mu gasho k’iperereza i Gitega. Aloys BARICAKO yafatiwe hamwe na Petero KUGIRWA arongoye umugambwe CDP (Conseil Des Patriotes).

Amakuru na Georges NIKIZA avuga ko Aloys BARICAKO yafashwe mu gihe yari agiye gushingura inakuru yitavye Imana i Karusi. Mu mugambwe RANAC bamenyesha ko batazi icatumye uwo mukuru w’umugambwe afatwa.

Mu giporisi c’Uburundi bashikiriza ko Aloys BARICAKO atigeze afatwa canke aburirwa irengero.

Nk’uko biri mu butumwa bwaciye ku muhora Twitter w’igiporisi c’Uburundi, bamenyesheje ko Aloys BARICAKO ari ku maziko yabereye muri komine Shombo, intara ya Karusi.

Ntiturashobora kuronka umuryango wa Aloys BARICAKO na Petero KUGIRWA

Publicités