« Francine Niyonsaba : Imboneza mu runganwe rwiwe »

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yakiriye kuri uwu wa kabiri umwigeme Francine NKURUNZIZA aheruka gutahukana ikibanza ca mbere n’umudari w’inzahabu, mw’ihiganwa ryabereye mu gihugu c’Ubwongereza. Petero NKURUNZIZA avuga ko Francine NIYONSABA ari urumuri, imboneza mu runganwe rwiwe.

Mu butumwa yacishije ku muhora wiwe wa Twitter, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ati : « Twamukeje ku mudari w’inzahabu aheruka gutahukana. Ni iteka ku muryango wiwe n’igihugu cose. Imana imuje imbere, ashishikare kubera akarorero urundi rwaruka. »

Umurundikazi Francine NIYONSABA yatahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ry’ugusiganwa ku metero amajana umunani ryabereye mu gihugu c’Ubwongereza, mu gisagara ca Birmingham.

Mu gutahukana iyo ntsinzi, Francine NIYONSABA yenuriye abo bari kumwe, aheza ku mwanya w’umunota umwe, n’amasegonga 58 (1min58sec31).

Yakurikiwe n’umunyamerikazi Ajee Wilson (1min58sec99), mu kibanza ca gatatu naho hakaba haje umwongereza Shelayna Oskan-Clarke (1min59sec81).

Publicités