Impunzi 1607 zigizwe n’abayoboke ba Zebiya zahora mu Rwanda zatashe mu Burundi

Impunzi z’abarundi 1607 bagizwe n’abayoboke ba Zebiya bahora mu gihugu c’Urwanda basubijwe mu Burundi, mu gatondo ko kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2018. Izo mpunzi zari zinjiye zose hamwe ari 2500 zivuye I Kamanyola, mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.

Izo mpunzi, zashitse ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda, nk’igihe c’isaha z’ibiri z’igitondo kur’uyu w’Imana, bari mu modoka nini zisanzwe zunguruza abantu mu gihugu c’Urwanda.

Amakuru ava ku rubibe Uburundi buhana n’igihugu c’Urwanda, amenyesha ko ata mutegetsi n’umwe mu gihugu c’Urwanda yari yaje kubategera, uretse abakora mu gisata kiraba abinjira n’abasohoka, hamwe n’abaporisi bari benshi.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganj bwo gutahukana impunzi mu gihugu c’Urwanda, KAYUMBA Olivier, yavuze ko izo mpunzi zinjiye mu Rwanda kw’igenekerezo rya 7 Ntwarante 2018, zagarutse mu Burundi ku gushaka kwazo.

Umwe muri abo bayoboke ba Zebiya, agishika ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda, yavuze ko bafise icizere ko mu Burundi babakira, kuko batashe mu gihugu cabo.

Abandi bavuze ko bashimye gutaha mu gihugu, hako bemera kwandikwa hakoreshejwe ubuhinga bwa none, nk’uko babisabwa n’ishirahamwe ryitaho impunzi HCR na Reta y’Urwanda.

Impunzi z’abarundi zavuye muri Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, zashizwe mu makambi atatu nfatakibanza. Abagera ku 1607 bari i Bugesera, 522 bashizwe i Nyanza, abasigaye 394 bagumye i Nyarushishi mu Karere ka Rusizi.

Publicités