Cibitoke : Imodoka yari ivuye muri Congo yategerewe n’abitwaje ibirwanisho

Abantu bitwaje inkoho bataramenyekana bategereye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana imodoka yari ivuye mu gihugu kibanyi ca Repuburika iharanira. Umuntu umwe yari muri iyo modoka niwe yakomerekejwe n’amasasu.

Iyo modoka yari ifise iparati yo mu gihugu ca Congo yategerewe nk’igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo itatu z’ijoro, ikaba yari igeze i Gihanga, kw’ibarabara ry’igihugu nomero 5 (RN 5).

Umuntu umwe wese niwe yakomeretse, nk’uko vyemezwa n’igiporisi.

Publicités