Gitega : Abantu babiri bapfuye bahitanwe na Gerenade yatewe

Abantu babiri bitavye Imana, abagera kuri 14 barakomereka, kubera igisasu ntezwantoke (Grenade) catewe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, ku musozi Rugari, Gitamo, komine Gitega, intara ya Gitega nyene.

Iyo gerenade yatewe nk’igihe c’’isaha zibiri n’iminota mirongo itatu z’ijoro, mu bunywero bw’uwo bita « Gafyiri ».

Mu giporisi bamenyesha ko uwateye iyo gerenade ataramenyekana, ariko ko abantu babiri bikekwa akaba aribo bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.

Abakomeretse bariko bavurirwa ku bitaro bikuru vy’intara ya Gitega.

Publicités