Kamenge : Imodoka 6 n’ipikipi z’amapine atatu zononekariye mw’isanganya

Imodoka zitandatu n’amapikipiki y’amapine atatu Tukutuku, nivyo vyononekaye, mw’isanganya ryabaye ku mugoroba wo kur’uyu w’Imana, igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2018, kw’ibarabara riva muri zone ya Kamenge rija muri zone Kinama, mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Amakuru ava aho mu Kamenge, amenyesha ko iryo sanganya ryob ryavuye ku kaborerwe k’uwutwara imodoka yunguruza abantu Taxi, aho yatanguye kugonga ipikipiki hagati ya Karitiye Heha na Kavumu kw’ibarabara rya mbere.

Abari ngaho igihe vyaba, bavuga ko amaze kugonga ipikipiki, yaciye yanka guhagarara ahubwo aca yongereza umuvuduko mu guhunga, gushika aho ahitana n’izindi kw’ibarabara rya 11 rya zone Kamenge, zica zitangura kugongana.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko, abantu babiri bari muri izo modoka zagonganye, aribo bajanywe kwa muganga, naho ata bikomere biboneka ku mubiri, bari bafise.

Ibarabara rya Kamenge-Kinama rikunze kubamwo amasanganya bivuye ku muvuko abagendesha imodoka batwaramwo imodoka, ,abanyagihugu basaba ko ko ryoshirwamwo udusozi tugabanya umuvuduko (Dos d’âne) .

Publicités