Cameroun: Abari banyurujwe b’Abanyabaruya babohojwe muri Cameroun

Abanyaburaya cumi na babiri bari banyururijwe mu bumanuko bushira uburengero bwa Cameroun ubu baridegemvya nyuma y’igikorwa ca gisirikare co kubabohoza.

Leta yavuze ko indwi bamuka mu Busuwisi hamwe n’Abataliyano babiri bafashwe n’abo yise abakozi b’iterabwoba.

Gushika ubu ariko aho abo Banyaburaya bafatiwe ntiharamenyekana.

Mu kindi gikorwa kidahuje n’iki, abakozi b’amakomine batandatu babohojwe n’igisirikare, kinavuga ko cafashe ibirwanisho vyinshi, amasasu hamwe n’ibiyovyabwenge.

Ivyo bikorwa uko ari bibiri vyabereye mu karere ka Cameroun kavuga ururimi rw’icongereza, ahamaze amezi hari uruhagarara mu gihe abakoresha urwo rurimi bavuga ko bakandamizwa n’abakoresha igifaransa.

Publicités