Kinama : Abantu 5 bakomerekejwe na Gerenade

Abantu 5 nibo bakomerekejwe n’igisasu ntezwantoki catewe ku bunywero bita « Ku Nkende » muri karitiye ya Carama, zone ya Kinama, igihe c’isaha imwe y’ijoro n’iminota 40.

Amakuru atangwa n’igiporisi avuga ko ico gisasu ntezwantoki (Grenade) catewe n’umugizi wa nabi ataramenyekana.

Muri batanu bakomeretse, batatu bari mu modoka bita PROBOX yariko ijabuka ibarabara.

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko amatohoza yatanguye.

Publicités