Imyaka 50 irarumanye Martin Luther King agandaguwe

Martin Luther King, umwirabure wo mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, indongozi ibushitse yaharaniye agateka k’abafise urukoba rw’abirabura muri ico gihugu, arakwije kuri uwu wa gatatu imyaka 50 agandaguwe.

Umupasitori afise urukoba rwirabura, Martin Luther King yagandaguwe n’abagizi ba nabi mu gihe yariko aharanira agateka k’abirabure muri ico gihugu, ndetse akaba yari afise icivugo kivuga ko « afise indoto » aho yabishikiriza imbere y’abantu bagera ku 250.000 bari mu myiyerekano i Washington igenekerezo rya 28 Myandagaro 1963.

Martin Luther King yagandaguwe kw’igenekerezo rya 4 Ndamukiza 1968 ari mu nzu y’uburaro bw’ingenzi ya Memphis.

Mu gihe haheze iyo myaka 50 agandaguwe, Amerika ivuga ko batazigera bibagira ibikorwa vyiza yakoze vyo kurwanira agateka k’abirabure kandi bakamenyesha ko indoto ziwe zashitse kuco yipfuza naho atakibonye, kubona Amerika yaratwawe n’umwirabure, nawe akaba ari Barack OBAMA.