Abayobozi b’urunani rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, CNARED, bamenyesheje ko batazokwemera ibizova mu matora y’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018. Muri CNARED bashikiriza kandi ko ingaruka z’ibizova muri ayo matora zizobazwa abayateguye.
Mu nama y’abagize urwego nyobozi rwa CNARED yabereye mu gisagara ca Bruxelles mu gihugu c’Ububirigi kuva kw’igenekerezo rya 24 gushika kurya 26 Ntwarante 2018, hari ingingo zafashwe n’abagize urwo rwego nyobozi rwa CNARED. Zimwe murizo akaba ari uko abo batavuga rumwe n’ubutegetsi batazokwemera ibizova mu matora y’ibwirizwa shingiro.
Mw’itangazo CNARED yasohoye kuri uwu wa gatatu, bamenyesheje ko biteguriye kwitaba ibindi biganiro vyotumwako n’umuhuza, ariko ko ica mbere bobanza gusaba kugira bitabe ivyo biganiro, ari uko ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ryohagarara.
CNARED isaba amakungu hamwe n’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, ko bobandanya kwumvisha Reta y’Uburundi ko yohagarika ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro.
Iryo tangazo rya CNARED ryateweko umukono na MINANI Jean umukuru wa CNARED
NDENZAKO Aline, Icegera ca mbere c’umukuru wa CNARED
MUDEREGA Pamphile, Icegera ca kabiri c’umukuru wa CNARED
NIYONKURU Anicet, umukuru w’umugambwe CDP, akaba n’umunyamabanga nshingwabikorwa wa CNARED
CIMPAYE Pancrace, Umuvugizi wa CNARED
NTAVYOHANYUMA Pie, yahoze ari umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi
BUSOKOZA Bernard, yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi
RUFYIKIRI Gervais, yahoze ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi
BAMVUGINYUMVIRA Frédéric, umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU akaba n’uwahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi
HATUNGIMANA Léonidas batazira « Tout Autre », yahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, akaba yatanguje umugambwe witwa PPD-GIRIJAMBO
Minani Jérémie, umukuru w’umugambwe RDB
MINANI Sévérin yaserukiye umugambwe FRODEBU-NYAKURI, Iragi rya Ndadaye, ishami rirongowe na Jean MINANI.
MUGWENGEZO Chauvineau, umukuru w’ishami ry’umugambwe UPD-ZIGAMIBANGA
NAHAYO Julien, umunywanyi wa CNARED
NDAYIKENGURUKIYE Jean Bosco, umukuru w’ishami ry’umugambwe KAZE-FDD
NDITABIRIYE Dismas, umukuru w’ishami ry’umugambwe RADDES, yaserukiwe na KABUYENGE Emmanuel)
NDITIJE Charles, umukuru w’ishami ry’umugambwe UPRONA
NGENDAKUMANA Jérémie yahoze ari umukuru w’umugambwe CNDD-FDD.
NIMUBONA Zénon, umukuru w’umugambwe PARENA-IMBOGORABURUNDI (yaserukiwe na KAMEYA Eméry)
NYANGOMA Léonard, umukuru w’umugambwe CNDD (yaserukiwe na NDIKUMANA Nephtali)
NZOBAMBONA Prosper, umukuru w’umugambwe NADDEBU
SINDUHIJE Alexis, umukuru w’umugambwe MSD, (yaserukiwe na NZEYIMANA Abdoul).