Reta y’Uburundi isaba Urwanda na HCR kurekura impunzi z’abarundi zipfuza guhunguka

Reta y’Uburundi isaba ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR gukurikiranira hafi ikibazo c’impunzi z’abarundi ziri mu gihugu c’Urwanda, igasaba kandi ko batosubira kubuzwa gutaha, mu gihe babandanya kubisaba.

Mw’itangazo Reta y’Uburundi yasohoyekur’uno wa gatatu igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2018, imenyesha ko kuva kw’Imana igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2018, yaronse amakuru ko hari impunzi z’abarundi 1604 birukanywe mu gihugu c’Urwanda, aho baciye bavuye muri Reta Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.

Muri iryo tangazo ryateweko umukono n’umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi, Filipo NZOBONARIBA, Reta y’Uburundi imenyesha ko, abirukanywe mu gihugu c’Urwanda bemeje ko boba birukanywe kubera banse kwinjira mu mirwi yitegurira gutera Uburundi, abo nabo bakaba bagizwe n’abahungu n’abigeme bakiri bato.

Reta y’Uburundi ibicishije ku muvugizi wayo akaba n’umunyamabanga wayo, ivuga ko insiguro zatanzwe n’Urwanda ko birukanywe kubera ivyo bemera zidafashe, kuko urwaruka rwasigaye mu gihugu c’Urwanda rutigeze rumenyesha ko rwahinduye ivyo rwemera.

Reta y’Uburundi isaba igihugu c’Urwanda, ko nkuko barekuye impunzi za mbere kugira zitahuke, n’abandi bobarekura bagataha mu gihugu cabo.

Mu kurangiza, Reta y’Uburundi imenyesha ko yafashe ingingo zoze zo gucungera amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, nayo abazogera kuyahungabanya akaba ataho bazoshika.

Publicités