Clément NKURUNZIZA yaheruka kwirukanwa muri Amerika yimuriwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi

Clément NKURUNZIZA, umurundi yaheruka kwirukanwa mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerka, akaba yari amaze indwi zibiri apfungiwe mw’igendereza i Bujumbura, ubu abarizwa mw’ibohero rikuru rya Ngozi.

Clément NKURUNZIZA yahagaritswe n’igiporisi kw’igenekerezo rya 22 Ntwarante 2018, agishika ku kibuga c’indege ca Bujumbura, avuye mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika aho yariko asaba ubuhungiro.

Imbere y’uko agarukanwa mu Burundi, abarundi barenga igihumbi barateye umukono ku rwandiko rusaba ko yoshikirizwa ubutungane bw’Uburundi, bamwagiriza ko yagize uruhara mu bwicanyi bwahitanye abanyeshure bo kuri Kaminuza y’Uburundi mu mwaka w’1995.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko uwo murundi yafashwe ku mvo z’amatohoza kuri ivyo yagirizwa, ariko ko ku mpapuro yaje afise, berekana ko yirukanwe kubera yaba muri Reta zunze ubumwe za Amerika adafise impapuro zimuha uburenganzira bw’ukuba muri ico gihugu.

Publicités