Umupatiri akukira Ekleziya Gatolika yapfuye arashwe mu buseruko bwa Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo (RD Congo).
Amakuru aturuka ku mumenyeshamakuru wa BBC mu karere ko mu buseruko bwa Congo avuga ko padiri Etienne Nsengiyumva yishwe ari mu butumwa ku munsi wa Mungu.
Padiri Etienne asanzwe arangurira amabanga kuri paruwasi ya Kitchanga mu karere ka Rutshuru, ngo yarashwe n’abagwanyi bikekwa kuba ari abo mu mugwi Mai Mai Nyatura, bamusanze mw’isengero ry’i Masisi atanga ikomuniyo yongera abatiza.
Amakuru avuga ko uwo mugwi usanzwe uhanganye n’iyindi migwi y’abagwanyi irondera kwigarurira ako karere gasanzwe karimwo amabuye y’agaciro menshi, igatangisha n’amahera abanyagihugu bahaba.