Abantu 21 barimwo intwazangabo z’igisoda c’Uburundi bafashwe n’igiporisi

Abantu 21 barimwo intwazangabo zo mu gisirikare n’igiporisi vy’Uburundi bafashwe n’abajejwe umutekano bagirizwa ko bari mu nama y’uguhungabanya umutekano w’igihugu. Mu giporisi bavuga ko amatohoza yatanguye kuri abo bafashwe.

Abo bantu bafatiwe mu nzu iri muri karitiye ya Carama, zone Kinama, mu gisagara ca Bujumbura, mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, abanyagihugu akaba aribo batabaje abajejwe umutekano. Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko muri abo 21 bafashwe, harimwo abajejwe umutekano bo ku rwego rw’intwazangabo batatu, abasigaye nabo ni abanyagihugu basanzwe (Civils).

Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano w’Uburundi aremeza ayo makuru : « Hariho abantu bashika kuri 21 harimwo intwazangabo imwe yo mu gisirikare c’Uburundi, abaporisi babiri b’intwazangabo hamwe n’umukukuruke umwe wo mu gisirikare c’Uburundi bafatiwe mu nzu y’umuntu, abanyagihugu batabaje abajejwe umutekano ko boba bari mu nama zoba zifise intumbero y’uguhungabanya umutekano ».

Abanyagihugu babwiye abajejwe umutekano ko abo bantu bama baza muri iyo nzu bafatiwemwo, bakagira inama biyugaranye, abatabaje abajejwe umutekano bakamenyesha ko bagize amakenga ko izo nama zoba zifitaniye isano n’uguhungabanya umutekano.

Mu giporisi bavuga ko abafashwe bariko bumvirizwa ku mvo z’amatohoza, ko bazogira ico bashikirije amatohoza niyahera.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s