Makebuko : Umugabo yatowe ikiziga mu nzi yiwe

Ikiziga c’umugabo catowe kimanitse mu nzu yiwe ku musozi Karoba, komine Makebuko, intara ya Gitega. Nk’uko vyemezwa n’abajejwe intwaro muri iyo komine, co kiziga ni ic’umugabo azwi kw’izina rya NYARWENDA Athanase.

Mu giporisi mu ntara ya Gitega bamenyesha ko biboneka ko uwo mugabo yiyishe yiyahuye akoresheje umugozi.

Abajejwe intwaro muri komine Makebuko nabo bashikiriza ko icatumye uwo mugabi yiyahura kitaramenyekana.

Publicités