HCR igiye kuzohuza ku ncuro ya mbere Uburundi n’Urwanda

Reta y’Uburundi igiye guhurira na Reta y’Urwanda mu biganiro bihagarariwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ivy’impunzi kw’isi yose (HCR0, ku kibazo c’Abarundi Reta ivuga ko bashaka gutahuka ariko igihugu c’Urwanda kikabankira. Muri iyo nama izobera mu gihugu impande zompi zizokwumvikanako, n’ikibazo Uburundi bwagirizwa Urwanda ko impunzi zihabwa inyigisho za gisirikare kizovugwa. Ivyo ni bimwe mu vyavuye mu mubonano umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yahaye kuri uwu wa kabiri Filipo Grandi, umukuru wa HCR kw’isi yose asanzwe ari mu rugendo mu gihugu c’Uburundi.

Inyuma y’urugendo yagize muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo hamwe no mu gihugu c’Urwanda kuri uwu wa mbere, Filipo Grandi arongoye HCR kw’isi yose ari mu Burundi kuva kuri uwu wa kabiri, aho yakiriwe n’uwurongoye Uburundi. Muri uwo mubonano, nk’uko vyashikirijwe na Alain Diomede NZEYIMANA, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, umukuru w’igihugu c’Uburundi yagarutse ku kudakorana neza hagati y’Uburundi n’Urwanda ku kibazo c’impunzi.

« Hariho impunzi ziri mu Rwanda ziba zishaka gutaha, ariko abategetsi bo mu Rwanda ntibashake ko ico kintu kiba. Yamubwiye kandi n’ibibazo vy’ibiharuro bivuga ingene imounzi z’Abarundi ziri zanze zingana, ntibiha izina ryiza ishirahamwe rikomeye nka HCR. »

Filipo Grandi yabwiye abamenyeshamakuru ko ico kibazo kiri muvyo yaganiriye n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

« Nabwiye umukuru w’igihugu NKURUNZIZA ko itahuka ry’impunzi z’Abarundi bari mu Rwanda rikirimwo akabazo, turabizi. Ejo narabonanye n’umukuru w’igihugu KAGAME, uno munsi naho umukuru w’igihugu NKURUNZIZA. Twumvikanye ko twokwigira hamwe ingene tworondera aho twoganirira kuri ico kibazo c’impunzi gusa. Si jewe njejwe ibindi bibazo. HCR izofasha mw’itunganwa ry’iyo nama yohuza Uburundi n’Urwanda kuri ico kibazo. »

Alain Diomede, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi yamenyesheje kandi ko muri uwo mubonano, uwutwara Uburundi yagarutse kandi ku biharuro vy’impunzi HCR ishikiriza ariko ntibihurizweko na Reta y’Uburundi.

Kubwa Filipo Grandi, ntawuhuta aremeza ko HCR itanga ibiharuro bitarivyo. Uwo atwara HCR kw’isi yose yabwiye abamenyeshamakuru ko muri iryo shirahamwe bamaze gutangura umugambi w’ugusuzuma bakoresheje ubuhinga bwa none, ibiharuro vy’impunzi zose ziri hanze y’Uburundi, agasaba Reta y’Uburundi ko yotenyenya kuri ico kibazo, kuko ico gikorwa kizomara amezi atari make.

Uburundi bwemeye ko umunsi yose iyo nama izotumwako ko buzoserukirwa, mu kibanza kizoba cumvikanweko n’impande zompi.

Publicités