RDC: Abacamanza ba sentare ijejwe ibwirizwa shingiro batanze imihoho

Abacamanza babiri b’abahumure bo mu gihugu ca Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo batanze imihoho muri sentare y’igihugu ijejwe iyubahirizwa ry’ibwirizwa shingiro.

Banyaku Luape na Jean-Louis Esambo bakinjuye badatanze imvo zibibatumye, ariko bakaba bari bazwi cane mu kuba badatamikwa ijambo.

Abo bacamanza baritandukanije n’abandi mu rubanza rwo mu 2016, rwatumye akanama kajejwe amatora gasivya amatora uwo mwaka.

Ikinjura ryabo hamwe n’urupfu rw’uwundi mucamanza, Yvon Kalonda, vyatumye sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro iva ku bacamanza icenda ija kuri batandatu.

Leta ya Congo ivuga ko hazoba amatora itariki 23 z’ukwezi kwa 12, imyaka ibiri inyuma yaho ikiringo ca Prezida Joseph Kabila kirangiriye.

Uguhasha abagumuka, akajagari kari mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’ukuntu ukwiyandikishiriza amatora vyifashe, bituma abantu bagira amakenga ingene amatora yimirije yoba mu kuri.

Sentare ijejwe iyubahirizwa ry’ibwirizwa shingiro, niyo yonyene muri Congo, abakandida bashobora kwitwarako, igihe bafise amadidane ku matora.

Abayigize batogwa n’umukuru w’igihugu, inama nshingamateka na nkenguzamateka hamwe n’akanama k’abacamanza.

Publicités