Umutumiro w’Amasengesho yo gusengera Uburundi n’abarundi yo yuwa 11/04 na le 14/04/2018
Nkuko Uhoraho Imana ya dutegetse ku misu ya gatatu niya gatandatu, twama dufise amasengesho yo gusengera uburundi n’abarundi.
URUFATIRO
« URUKUNDO RUREMESHA » Abarundi barakeneye urukundo ruremeshwa ruri hejuru y’amacakubiri y’ubwoko, amacakubiri y’amadini, amacakubiri y’intara n’imiryango n’amacakubiri y’ivyiyumviro vya politike. Uburundi burakeneye Urukundo ruhagarika ubwicanyi n’itotezwa, rugatahukana impunzi, rukarekura abapfungiwe ubusa, rukamara ubukene n’inzara mu bantu.
IBISOMWA:
-1 KOR 13: 1-13
-1 SAM 23: 15- 29
INDIRIMBO
354; 158; 91;122 na 16
IVYOMPWEMU AHISHURA
Abantu beshi bararushe; ntarukundo; ntakibaremesha; ubudyadya ni bwinshi.
Haba muba kozi b’Imana, abanyapolitike n’abandi bose. Ariko naho biri uko Data wenyene niwe wokuremesha abiwe kandi araje kuremesha abahahamutse nibibazo bitandukanye.
IVYO GUSENGERA
Abahahamuwe n’ibibazo;
-ababuze gitabara;
-abagowe ;
-abarenganijwe….;
-Ihanga ry’Imana nabarongozi baryo;
-abasenzi;
-abavugishwa ;
-abakozi b’Imana batandukanye na b’Ihanga.
Nidusangwe IMANA -UBURUNDI N’ISEZERANO.
Bigiriwe I Bujumbura le 10/04/2018