Papa Francis yasavye ashimitse abagatolika kwirinda gufata minenengwe ingorane z’abimukira, bakagerageza kugendera ubukirisu.
Yavuze ko vyumvikana ngo abanyepolitike bakore ibintu nkivyo iyo barondera amajwi, ariko abakirisu ngo bakwiye kuvyirinda.
Uwurongoye igisata ca BBC ku vy’amadini yavuze ko ayo majambo asa n’ayo gukebura ku bijanye n’aho bamwe mu banyepolitike b’ijunja bahagaze, nka Prezida wa Amerika Donald Trump hamwe n’umushikiranganji wa mbere wa Hongrie aheruka gusubira gutogwa, Viktor Orban.
Papa asaba abagatolika kwirinda ingwano y’amajambo ikoregwa ku mbuga ngurukanabumenyi.
(Yagabisha ku ngorane zo kutisunga amategeko y’urupfasoni, bikogwa no mu binyamakuru vy’abagatolika aho usanga abantu baguma bartyozana. Yavuze ko abakirisu hari ibihe biyobagiza ibwirizwa ry’umunani ribabuza kubesha no kubeshera abandi.)