Uburundi buguma bwagiriza Urwanda kubuza impunzi guhunguka no kuguma rutegura gutera uburundi.

Igihe icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’u Burundi, Gaston Sindimwe, yabonana n’abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka, ikibazo c’uko u Rwanda rushaka guteka u Burundi cavuzweko cane.

Bwana Gaston Sindimwo yari aramutse agiye gushikiriza abo baserukiye abanyagihugu ico ubushikiranganji ajejwe bwaranguye.

Umushinkamateka Mbayahaga Bede niwe yabajije ikibazo c’inyigisho za gisirikare zihabwa urwaruka rw’Abarundi rwahungiye mu Rwanda.

Yagize ati: « Turumva mu gihugu kibanyi c’u Rwanda hariko harabera imyimenyerezo ya gisirikare kugira baze kudurumbanya igihugu cacu c’u Burundi.

« Ugerageje kuraba kandi n’Abarundi bariyo bariko baragerageza kugira iyo mihari y’ikoreberi, si aboza gutera igihugu cacu c’u Burundi ngo baje kugifata. No ku mupaka ntiboharengana.

« Vyumvikane y’uko n’abariko baragira imyimenyerezao ari abazoza imbere berekana inzira, inyuma hazoba hari igihugu c’u Rwanda. »

Bwana Mbayahaga yaciye abaza ico leta y’u Burundi iriko irakora kugira iyo myimenyerezo ya gisirikare ihagarare bataraza kudurumbanya igihugu.

Icegera ca mbere c’umukuru w’u Burundi, Gaston Sindimwo, yaseye nk’uwuvuga kimwe n’umukuru w’inama nkenguzamateka y’uko ico kibazo kitovugirwa ngaho.

Ariko bwana Sindimwo yavuze ko uwo wese azotera u Burundi, ko ico gihuhgu citeguye ngo kizokwivuna kandi ngo ubushobozi kirabufise.

Imigenderanire hagati y’u Rwanda n’u Burundi yatanguye kwunyuka kuva mu 2015, igihe habereye ibikorwa vyo kwiyamiriza ubutegetsi bwa Prezida Pierre Nkurunziza.

Ubutegetsi bw’u Burundi bwagirije kandi ku mugaragaro igihugu c’u Rwanda buvuga ko kibuza impunzi z’Abarundi bahungiyeyo gutahuka mu gihugu c’amavuko kandi bavyipfuza.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Alain Diomede Nzeyimana, ivyo yabivuze inyuma y’ibiganiro hagati ya Prezida Pierre Nkurunziza n’umukuru w’igisata ca ONU kijejwe impunzi, HCR, Filipo Grandi, vyabereye mu mwiherero i Bujumbura.

Bwana Grandi ari mu rugendo mu bihugu bitandukanye mu karere k’ibiyaga binini, aremera ko ikibazo c’impunzi z’Abarundi ziri mu Rwanda kigoye.

Avuga ko yabonanye na Prezida Paul Kagame kandi ko HCR iriko irarondera uburyo impande zose zotorera inyishu ico kibazo mu mahoro.

Abo Barundi bavugwa ni abahungiye mu Rwanda kuva mu mwaka w’2015 igihe haduka uruhagarara mu gihugu, Prezida Pierre Nkurunziza amaze kugenwa n’umugambwe wiwe ngo azowuserukiye mu matora y’umukuru w’igihugu yo 2015.

Publicités