Abashingamateka n’abakenguzamateka berekanye amakenga k’ubuserukizi bw’Uburundi butagira imodoka

Abashingamateka n’abakenguzamateka b’Uburundi berekanye amakenga bafise ku bikorwa vy’ubuserukizi bw’Uburundi mu bindi bihugu. Abo bashingamateka n’abakenguzamateka bavuga ko ubukene bw’imodoka mu buserukizi ari intambamyi ku bikorwa, kandi ko bidatera iteka igihugu.

Umukuru w’inama nkenguzamate Reverien NDIKURIYO yavuze ko ubuserukizi bw’Uburundi mu gihugu ca Misiri na Bresil, bufise ubukene bw’imodoka, bigatuma ibikorwa vy’ubuserukizi bidakorwa neza.

Ikibazo c’ubukene bw’imodoka mu buserukizi bw’Uburundi ntibwavuzwe muri ivyo bihugu gusa, kuko icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka Jocky Chantal NKURUNZIZA nawe yavuze ko ubukene bw’imodoka bwibonekeza no mu buserukizi bw’Uburundi mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, bigatuma haba ibikorwa bidakorwa nk’uko vyategerezwa.

Kuri ayo makenga y’abashingamateka n’abakenguzamateka, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO ariko ashikiriza ivyaranguwe mu bushikiranganji bukukira ibiro vyiwe kuwa kabiri igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2018, yasiguye ko hari imiriyoni 250 z’amarundi ziba zitegekanijwe ku modoka z’ubuserukizi ariko ayo mafaranga ari make cane.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yemeje ko ico kibazo kiriho, yemeza kandi ko n’aho izo modoka z’ubuserukizi bw’Uburundi ziri, usanga zishaje.

Gaston SINDIMWO avuga ko bari basavye ubuserukizi bw’Uburundi mu bindi bihugu, ko bwosaba inganda zikora imodoka zigatanga izikoreshwa mu buserukizi, zikazoza zirarihwa buke buke.

Publicités