Umukuru w’igihugu wa Gabon yitezwe i Bujumbura

Umukuru w’igihugu ca Gabon Ali Bongo Ondimba yitezwe i Bujumbura, mu rugendo rw’akazi, kuri uwu wa gatanu. Amakuru dukura mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi avuga ko uwo atwara igihugu ca Gabon azoshika ku kibuga c’indege ca Bujumbura igihe c’isaha zitanu z’agatondo.

Ali Bongo Ondimba asanzwe ariwe mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika yo hagati abaye umukuru w’igihugu wa kabiri agendeye Uburundi mu kirongo kidakwira ukwezi.Umukuru w’igihugu yaheruka kugendera Uburundi ni Faustin-Archange Touadéra wa Centrafrique yashitse i Bujumbura avuye i Kigali mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante 2018, ariko akaba yagarukiye ku kibuga c’indege ca Bujumbura.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s