Ibikorwa vyo gusanura ibarabara Bujumbura – Rumonge (RN3) bigiye gutangura vuba

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE amenyesha ko ibarabara ryitiriwe RN 3 rya Bujumbura – Rumonge rigiye gutangura gusanurwa vuba kuko riri muvyo Reta yitwararitse.

Mu gihe icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE yashikiriza abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka ivyaranguwe n’ubushikiranganji 12 bumwegukira, bamwe mu bashingametaka bashikirije ikibazo kijanye n’ibarabara risigaye ridahita neza rya Bujumbura – Rumonge (RN3) kubera ryaheze.

Kuri ico kibazo, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE yishuye ati : “Ikibazo c’ibarabara rya Bujumbura – Rumonge kirakwirikiranwa ku musi ku musi. Ibikorwa vyo gukora rirya barabara bigiye gutangura vuba. »

Icegera c’umukuru w’igihugu yabishikirije kandi inyuma y’imyidogo y’abakoresha iryo barabara, aho bamenyesha ko ribononera imiduga kubera ryacitse, iyo imvura yaguye naho bikunyuka.