Abantu indwi nibo bafashwe n’igiporisi kuri uwu wa gatatu mu ntara ya Makamba bagirizwa ko bariye ibiturire, mu gikorwa c’ugutanga akazi ku bigisha kiriko kirakorwa.
Muri abo bafashwe, harimwo n’abari mu murwi w’igihugu ujejwe gutanga akazi ku bigisha bashasha, hamwe na bamwe mu bigisha bariko barondera ako kazi batanze igiturire.
Amatohoza kuri ico giturire catanzwe akaba ariko akorwa n’igiporisi hamwe n’iperereza mu ntara ya Makamba.