Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yahojeje abanya Alijeriya

Inyuma y’isanganya ry’indege ya gisirikare ryahitanye abantu 257 bitavye Imana mu gihugu ca Algerie, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yanditse ubutumwa bwo guhoza abanya Algerie.

Muri ubwo butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umukuru w’igihugu c’Uburundi yahojeje umukuru w’igihugu Bouteflika, abanyagihugu na Reta ya Algerie.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yavuze ko Uburundi bwakiranye umubabaro mwinshi isanganya ry’indege ya gisirikare ryahitanye abagabo n’abakenyezi, kuwa gatatu igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2018.

Iyo ndege ya gisirikare yagize isanganya mu gatondo ko kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2018, inyuma y’umwanya muto ivuye hasi.

Umukuru w’igihugu ca Algerie yaciye ashira umukono kw’itegeko rishiraho ikigandaro c’iminsi itatu.

Urubuga rw’imboneshakure y’abafaransa France 24, rumenyesha ko ari isanganya ry’indege rigira kane rihitanye abantu benshi kw’isi, mu myaka 20 iheze.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s