Abatowe n’abanyagihugu bashikirije amakenga ku basabwe intererano y’amatora kandi batari bavyemeye

Bamwe mu bashingamateka bashikirije icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi amakenga yabo ku bantu bakaswe ku mishahara yabo amafaranga y’intererano y’amatora, kandi bari bashikirije ko badatahura ivy’iyo ntererano. Joseph BUTORE yishuye ko ayo makuru atayo azi.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE amenyesha ko ata makuru afise y’abantu banditse basaba kudakatwa ku misharahara yabo mu gikorwa kijanye no guterera amatora y mu mwaka wa 2020.

Ivyo yabishikirije kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2018, aho yari aramutse ashikiriza imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamnateka ivyaranguwe n’ubushikiranganji 12 bwegukira ibiro vyiwe.

Umushingamateka Noe MBONIGABA hamwe n’umushingamateka Renovat berekanye amakenga ku bantu bakaswe amafaranga ku mishahara yabo hamwe n’abazohava batanga incuro zitatu iyo ntererano.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE yamenyesheje ko ata muntu n’umwe azi canke arumva ko yanditse asaba ko atokatwa ku mushahara wiwe amafaranga y’intererano y’amatora.

Publicités