Amerika yitezwe gufata ingingo yo gutera Syria uno munsi, Uburusiya nabwo bwitegurira gukingira siriya.

Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika cavuze ko « amakarata yose ari ku meza » ku mugambi wo kugaba igitero co kwihora ic’umwuka w’ubumara cagabwe muri Siriya, mu gihe abategetsi ba Buraya bashira ku munzani ivy’ico gitero.

Umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu, Sarah Sanders yabwiye abamenyeshamakuru ko ingingo ya nyuma ku bijanye no kugaba ibitero vya gisirikare itarafatwa.

Yavuze ariko ko Amerika yegeka ivy’ico gitero c’ubumara ku Burusiya na Siriya.

Akanama kajejwe umutekano ka Amerika gategekanya guhura ku munsi wa Kane, mu gihe umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Theresa May yatumyeko inama y’abashikiranganji.

Abaharanira amateka, abakozi bo mu butabazi hamwe n’abo mu buvuzi, bavuze ko hari abantu baharugwa mu mirongo bapfuye ku munsi wa Gatandatu mu gisagara ca Douma cari mu minwe y’inyeshamaba.

Leta ya Prezida Bashar al-Assad – ifashwa n’Uburusiya mu vya gisirikare – yarahakanye kuba inyuma y’ico gitero c’ubumara.

Publicités