Bwiza : Abanyagihugu baridogera REGIDESO ku kibazo c’ikena ry’amazi

Abanyagihugu bo muri zone ya Bwiza komine ya Mukaza baridoga ko batamenyeshwa neza ibijanye n’ubukene bw’amazi muri ivyo bice, kuko babona amazi agiye giturumbuka atavyo bari biteze.

Bamwe mu banyagihugu bo muri zone ya Bwiza basaba ko boza baramenyeshwa amasaha amazi azocikirako n’amasaha azogaruka kugira bibafashe kuvyitegurira.

Umwe muri abo banyagihugu yavuze ati :« Vyari vyiza ko boza baratumenyesha kugira twitegure kandi vyari vyiza ko habaho ubundi buryo REGIDESO ikwiye gukoresha amazi (…)

Abanyagihugu bo muri zone ya Bwiza komine ya Mukaza baridoga ko batamenyeshwa neza ibijanye n’ubukene bw’amazi muri ivyo bice, kuko babona amazi agiye giturumbuka atavyo bari biteze.

Bamwe mu banyagihugu bo muri zone ya Bwiza basaba ko boza baramenyeshwa amasaha amazi azocikirako n’amasaha azogaruka kugira bibafashe kuvyitegurira.

Umwe muri abo banyagihugu yavuze ati :« Vyari vyiza ko boza baratumenyesha kugira twitegure kandi vyari vyiza ko habaho ubundi buryo REGIDESO ikwiye gukoresha amazi abuze biciye mu nzira imwe habeho iyindi nzira itwara amazi ica isahiriza.»

Abo banyagihugu bo muri zone ya Bwiza babandanya bashikiriza ko mu ndwi iheze babuze amazi imisi 2, ariko ko ubu batazi ikiringo kigiye guhera kugira basubire kuyaronswa.

Ntiturashobora kuronka abo mw’ishirahamwe REGIDESO kugira bagire ico bashikirije.

Publicités