Rwanda-Uganda:Bamwe mu banonotsi bava mu Buganda n’Urwanda baburiwe irengero muri Australia

Abateguye inkino za Commonwealth ziriko zibera mu gihugu ca Austrariya, bamenyesha ko abanonotsi batanu bava ku mugabane wa Afrika baburiwe irengero.

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko abatunganije iryo higanwa bavuga ko harimwo abava mu gihugu c’Urwanda n’Ubuganda, kandi ko batanguye kubarondera.

Ayo makuru amenyesha kandi ko abanonotsi umunani bava mu gihugu ca Cameroun , hamwe n’abandi babiri bava muri Sierra Leone nabo baburiwe irengero, ariko bariko barabarondera.

Ntibibaye irya mbere aho abakinyi bitavye iryo higanwa bagenda bakaburirwa irengero, kuko mu mwaka wa 2000, mu nkino zo kunonora imitsi zabereye mu gisagara ca Sydney, abanonotsi barenga 100 bararengeje ikiringo bari barekuriwe co kuba mu gihugu ca Australiya.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s