Abasavye intererano y’amatora muri Ekereziya Gaturika biswe abasuma

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwemeza ko ata muntu bwigeze burungika gusaba intererano y’amafaranga y’amatora muma paruwasi canke mu bindi bigo vya Ekereziya Gaturika. Muri ubwo bushikiranganji bafata nk’abasuma, aboba baragiye gusaba ayo mafaranga muri Ekereziya Gaturika.

Inama nkuru y’Abepisikopi ba Ekereziya Gaturika mu Burundi yabwiye kuri uwu wa kabiri abajejwe kwegeranya intererano y’amatora yo mu mwaka w’2020 ko iyo ntererano idasabwa ba Patiri Mukuru canke abandi bose bajejwe gutunganya ivy’ubutumwa bwa Ekereziya Gaturika mu nzego zayo zose mu gihugu cose. Abatoza iyo ntererano bamenyeshejwe ko uwubazwa vyose muri Ekereziya, n’iyo ntererano irimwo, ari Umwepiskopi, kuko Patiri Mukuru canke uwundi wese aba ahabereye uwo Mwungere nyene.

Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu baremera ivyashikirijwe n’abo bungere ba Ekereziya Gaturika, muri ubwo bushikiranganji bakamenyesha ko aboba baratoje amafaranga y’intererano ku maparuwasi ari abasuma, nk’uko bivugwa na Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

« Ivyo bashikirije birumvikana cane gose kandi twebwe mu ntwaro gushika kuri uwu munsi ntawe twarungitse kuja gusaba intererano kw’iparuwasi canke kw’isikirisare. Abo bose boba bariko bariko barabikora, ni akaryo ko kubabwira ko bariko bakora amakosa akomeye cane. Ku bwanje mvuga nti abariko barabikora ni abasuma kuko ayo mafaranga ntanicotwemeza ko yashitse aho ategerezwa kuja. »

Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bavuga kandi ko mu bijanye n’intererano zitangwa hariho itegeko nshikiriranganji ryashizweho, ryerekana ingene ingene amashengero azotanga intererano. Iryo tegeko rivuga ko ayo mashengero, na Ekereziya Gaturika irimwo azotanga intererano ku gushaka kwayo.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s