Uganda yemeye kwakira impunzi za Sudani na Eritrea

Leta ya Uganda yatangaje ko yemeranye na Israeli kwakira niburiburi impunzi 500 zituruka muri Eritrea na Sudani.

Umushikiranganji ajejwe impunzi Musa Ecweru, yabwiye ibigo vy’itangazamakuru kw’iyo ngingo yafashwe biturutse ku vyasabwe na leta ya Israeli.

Yavuze ko impunzi 500 zemeye kwimurigwa muri Uganda, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC akorera i Kampala yavuze.

Bwana Ecweru yongeye avuga yuko izo mpunzi arizo zonyene zisabiye kuja muri Uganda, ivyo ngo bikaba biteye kubiri n’ivyari bimaze iminsi bivugwa.

Abari bamaze kuronka ivyangombwa vyo kwitwa impunzi muri Israeli, ngo nibo bazokwakigwa.

Bamaze gushika, ubutegetsi ngo buzosuzuma niba bakwiye guhabwa ubuhungiro, ababishimye batore kuba mu makambi canke mu bisagara.

Igihugu ca Uganda kiri mu bihayagizwa mu makungu mu kwugururira imiryango impunzi, muri kino gihe kikaba gicumbikiye impunzi umuliyoni 1.4 ziva mu bihugu bibanyi n’ahandi.

Abaherutse kuhahungira bavuye mu buraruko bushira ubuseruko bwa Congo.

Mu ntango ya kuno kwezi, leta ya Israeli yarivuguruje, ihagarika amasezerano yari yagiranye n’ikigo ca Onu citaho impunzi.

Umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu, yari yamenyesheje ko HCR yemeye kuronderera ubuhungiro impunzi 16000, Israeli nayo igaha ivyangombwa abandi 16000.

Ibihugu vya Canada, Ubutaliyano n’Ubudagi ngo vyari mu vyemeye kwakira izo mpunzi.

Ayo masezerano akaba yabaye arahagarikwa.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s