Afrika Yepfo mu birori vyo gushingurana iteka Winnie Mandela

Isinzi ry’abantu ryakoranye muri Afrika Yepfo mu ntumbero yo gushingura uwagwanije intwaro karyanisha miryango ya apartheid, Winnie Madikizela-Mandela.

Ibihumbi vy’abagandaye bahuriye ku kibuga c’umupira co muri Soweto, hafi ya Johannesburg, hariko habera ibirori vyo gusezera uwo mupfasoni w’inararibonye.

Isandugu ry’ibisigarira vyiwe ripfuswe n’idarapo y’igihugu, umwuzukuru wiwe Swati Dlamini Mandela niwe yashikirije ijambo ry’umuryango.

Madamu Madikizela-Mandela, umupfasoni wa kera wa Nelson Mandela, yitavye Imana afise imyaka 81.

Naho vyose bitagenze neza, Madamu Madikizela-Mandela yarakejwe ku ruhara yagize mu kugwanya intwaro karyanisha miryango ya apartheid.

Munyuma yahavuye akumigwa mu vya politike, ahogwa gushigikira iyicwa c’abasumira urusaku ubutegetsi.

Madamu Madikizela-Mandela yakora mu vy’imibano igihe yahura n’uwuzoba umugabo wiwe, inararibonye mu kugwanya apartheid mu myaka yo mu 1950.

Bubakanye imyaka 38, batandukanywa nuko Bwana Mandela yinjiye umunyororo yamazemwo igihe kirekire.

Bavyaranye abakobwa babiri.

Inyuma yaho Bwana Mandela apfungiwe, Madamu Madikizela-Mandela yabonwa n’amakungu ko ariwe akomereye kugwanya apartheid.

Nawe nyene yarapfunzwe ahowe guhangana n’ubutegetsi bw’inkehwa z’abazungu.

Ku bamukunda, yahavuye aba « umuvyeyi w’igihugu ».

Winnie Mandela mu mivugo itandatu

Madamu Madikizela-Mandela yaravuzwe imyaka myinshi mu bikogwa bigayitse.

Abo bari kumwe mu mugambwe ANC bamwagiriza gukoresha intwaro y’iterabwoba mu duce tumwe tumwe twa Soweto mu myaka y’i 1980, mu 2003 yagirizwa gukoresha amanyanga.

Ibisigarira vyiwe bishingugwa i Johannesburg.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s