Uburusiya n’Uburengero ngo biri mu bihe bibi kurusha igihe c' »ingwano ikanye »

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburusiya n’amakungu, Sergei Lavrov, yabwiye BBC ko Uburusiya n’ibihugu vyo mu Burengero bari mu bihe bibi cane kurusha igihe c' »ingwano ikanye ».

Yavuze ko vyose bituruka ku kubura imihora impande zose zoshobora gucamwo ngo zivugane.

Yidogera ibihugu vyo mu Burengero birimwo Ubwongereza kuba vyarugaye iyo mihora, aca yiyemerera ko ukwo ibintu vyifashe muri kino gihe biteye ubwobwa.

Bwana Lavrov yiyamirije Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza hamwe n’Ubufaransa, avuga ko ibitero vya « missiles » ivyo bihugu biherutse kugaba kuri Siriya ari agasomborotse gateye isoni.

Yavuze ko Uburusiya buriko buratakaza icizere kiri ku rushi bwari busigaranye ku bihugu bigenzi vyo mu Burengero, ahakana ibivugwa ko Siriya yagavye igitero c’ubumara ku gisagara ca Douma.

(Naho yemera ko ubutunzi bw’Uburusiya bucumbagira, yemeje ko Uburusiya butazohungabanywa n’amakori mashasha Amerika yabushizeko.)

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s