Twame twibuka gusenga kuko ari urupfunguzo.

🔘 « nopfuma nigisha umuntu umwe gusenga hako nigisha abantu cumi kuvuga ubutumwa. »

➖ *Charles Spurgeon*

🔘 « Umuntu yama ahimiriza ishengero rya Kristo gusenga niwe aba aterereye mu buryo bukomeye ivugabutumwa mw isi yose. »

➖ *Andrew Murray*

🔘 » Dukwiye gusenga amaso yacu ari ku Mana atari ku bibazo turiko turacamwo. »

➖ *Oswald Chambers*

🔘 » Ntakindi gikorwa mu buzima gihambaye gusumba gusenga,ibindi vyose bisaba amasengesho kugira bigende neza »

➖ *M.E Andross*

🔘 » Gusenga ntibavyigira mu mashure ariko gusenga bavyigira mu bwihisho. »

➖ *E.M.Bounds*

🔘 « Gusenga ntabwo ari ugusaba.Gusenga n ukwishira mu biganza vy’Imana wishikanye,gutyo bigushobokere kwumva ijwi ry’Imana i bwina mu mitima wawe. »

➖ *Mama Teresa*

🔘 « uko urushiriza gusenga niko guhagarika umutima bizimangana muri wewe.Uko urushiriza gutazira niko kwiganyira navyo birushiriza kuzimangana »

➖ *Rick Warren*

🔘 « Mfise vyinshi vyo gukora kuburyo binsaba kumara amasaha atatu ya mbere mu masengesho. »

➖ *Martin Luther*

🔘 « amasengesho ntadushikana mu gikorwa gihambaye ahubwo amasengesho nico gikorwa gihambaye. »

➖ *Oswald Chambers*

🔘 « Uwupfukama kenshi,niwe ahagarara neza. »

➖ *D.L.Moody*

❇ *Gusenga nirwo rufunguruzo*

Publicités