Ubwicanyi bwindwi iheze: Abantu 4 barishwe, 36 barahagarikwa mu kiringo c’indwi imwe

Isekeza SOS-Torture rimenyesha ko abantu bane bishwe, abababa 36 nabo barahagarikwa mu kiringo co kuva kw’igenekerezi rya 7 gushika kurya 14 Ndamukiza 2018.

Icegeranyo c’isekeza SOS-Torture kimenyesha ko muri abo bapfuye, harimwo umusirikare w’igihugu yiyhuye mu ntara ya Bubanza, ahejeje gufata ku nguvu umwana w’umwigeme.

Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture rimenyesha ko umukozi w’ishirahamwe rihingura isima BUCECO yaburiwe irengero, inyuma yaho imodoka yarimwo itowe mu muvo uri hagati y’amabarabara abiri, kw’ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo, mu gisagara ca Bujumbura.

Isekeza SOS-Torture rimenyeshako mu bahagaritswe muri ico kiringo, harimwo abayoboke b’umwigeme Zebiya, mu ntara ya Bubanza, hamwe n’abayoboke b’umugambwe FNL utavuga rumwe na Reta,mu ntara ya Rumonge na Makamba.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’ihagarikwa rya Gilbert NYAWAKIRA , arongoye urunani rw’amasendika nabo bari kumwe, mu Carama, zone Kinama, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, naho bahavuye barekurwa.

Publicités