Umuyobozi ajejwe ubudandaji mw’ishirahamwe BUCECO yaburiwe irengero

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko igiporisi c’Uburundi catanguye amatohoza kugira bamenye iyo Rodrigue NZEYIMANA yahora ari umuyobozi w’ubudandaji mw’ishirahamwe BUCECO ari. Pierre NKURIKIYE yizeza umuryango wiwe ko igiporisi catanguye amatohoza kandi ko ikizovamwo bazoca bakimenyeshwa.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, avuga ko, umuryango wa Rodrigue NZEYIMANA wituye igiporisi, ukimenyesha ko wamubuze, igiporisi kimaze gutangura amatohoza ,imodoka ikaba yaramaze kuboneka ariko umuntu akaba ataraboneka.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko, naho amakenga atabuze ku ruhande rw’umuryango w’uwo akironderwa, amatohoza ariko arabandanya kandi ariko atera aja imbere.

Ku kibazo co kumenya aho amatohoza ageze, Pierre NKURIKIYE ntashima kubivuga, ariko akemeza ko amatohoza yatanguye, kandi ko Rodrigue NZEYIMANA ariko araronderwa.

Rodrigue NZEYIMANA yari ajejwe ubudandaji mw’ihinguriro ry’isima BUCECO rikorera mu ntara ya Cibitoke, yaburiwe irengero kuva mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2018.

Imodoka yarimwo yatowe mu muserege ujana amazi uri hagati mu mabarabara abiri kw’ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo, muri karitiye ya Mutanga Sud,zone Rohero, komine Mukaza, hafi y’ikigo ca kaminuza co ku Mutanga.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s