Urwanda rwashikirije Uburundi umuporisi yafatiwe ku butaka bw’ico gihugu yasinzikarijwe ubuzima.

Umuporisi w’umurundi Theogene IRAKOZE yari yafatiwe mu gihugu c’Urwanda kuri uwu wa gatanu yashikirijwe kuri uwu wa mbere igihugu c’Uburundi, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi. Uwo muporisi yashikirijwe Uburundi ku rubibe rw’aho bita ku Ruhwa, mu ntara ya Cibitoke.

Mu giporisi c’Uburundi baremeza ko bakiriye uwo muporisi, Petero NKURIKIYE avugira igiporisi akemenya ariko uwo muporisi Theogene IRAKOZE afise ibimenyetso vyerekana ko yasinzikarijwe ubuzima (Des signes de torture).

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko uwo muporisi w’Uburundi yakorera ku kirindiro c’i Mabayi, mu ntara ya Cibitoke, yahagaritswe n’igiporisi c’Urwanda ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2018, yahagaritswe nk’igihe c’isaha icumi na zibiri n’iminota 45 n’abajejwe umutekano b’Urwanda.

Mu giporisi bavuga ko APC IRAKOZE Theogene yahagaritswe, mu gihe yajabutse urubibe akinjira mu gihugu c’Urwanda adakurikije amategeko, mu giporisi bakavuga ko uwo muporisi yari yaborewe.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s