Umurwi CVR wagenye abawuserukira mu gisagara ca Bujumbura

Umurwi ujejwe Ukuri no kunywanisha Abarundi CVR, wagenye abagiye kuwuserukira mu gisagara ca Bujumbura. Uko ari batatu barongowe n’umupasitori, hakabamwo kandi abakenyezi babiri.

Reverand Pasteur Christian NTIRURIKURE yagenywe mu kibanza c’umukuru w’urwego nyobozi rw’umurwi ujejwe ukuri no kunywanisha abarundi (CVR) mu gisagara ca Bujumbura.

Kw’itegeko ry’umurwi ujejwe ukuri no kunywanisha abarundi ryo kuwa 13 Ndamukiza 2018, Christian NTIRURIKURE agenywe kuba umukuru w’urwego nyobozi rw’umurwi CVR mu gisagara ca Bujumbura.

Abandi bagenywe muri urwo rwego mu gisagara ca Bujumbura ni ivyegera 2 aribo Eurydice GAHIMBARE hamwe na Godelieve BIGIRIMANA.

Publicités