Bubanza : Abantu babiri bapfiriye mu gitero c’abitwaje ibirwanisho

Abantu babiri baritavye Imana, bane barakomereka mw’ijoro ryo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 16 Ndamukiza 2018, mu gitero cabereye kw’ibarabara riva mu gisagara ca Bujumbura rija mu ntara ya Cibitoke, muri komine Gihanga, intara ya Bubanza.

Amakuru ava aho kw ‘ibarabara hegereye ishamba cimeza rya Rukoko, amenyesha ko ico gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho cabaye nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, ku modoka yari ivuye mu ntara ya Cibitoke ije mu gisagara ca Bujumbura, babanje kurasa ku mapine.

Ayo makuru nyene amenyesha ko babiri mu batwara imodoka boba baranyurujwe, mu gihe abandi bantu bafashwe bajanwa n’abo bitwaje ibirwanisho, ahantu hataramenyekana.

Bamwe mu baba hafi y’ahabereye ico gitero, bavuga ko ico gitero coba cakozwe n’abasuma bashaka kwiba, abandi bakavuga ko coba cakozwe n’abantu bari mu mirwi yitwaje ibirwanisho.

Abajejwe intwaro aho muri komine Gihanga bahamagarira abafata ingendo kwirinda kugenda ijoro, kuko ariho inkozi z’ikibi zinyegeza mu gukora ubusuma.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s