Inama nkenguzamateka yemeje itegeko rigenga iyinjira ry’Uburundi mw’ibanki AFREXIMBANK.

Umushikiranganji w’intwaro ibereye Serges NDAYIRAGIJE yamenyesheje ko imvo n’imvano zatumye Uburundi bushaka kuja mw’iyo banki ar’uko amabanki ari hano mu gihugu adashobora gutanga uburyo bwose buba bukenewe .

Serges NDAYIRAGIJE yamenyesheje ko Uburundi buzoharonkera akunguko biciye muri iyo banki, na cane cane mu kuronka uburyo buzofasha gushira mu ngiro imigambi y’iterambere izoba yashizwe imbere.

Bimwe mu bibazo vyabajijwe n’abakenguzamateka vyari bijanye no kumenya ijambo Uburundi buzoba bufise muri iyo banki hamwe no kumenya imigambi ubu Reta iriko ikorerako kuko umugambi wa CCLP 2 waheze.

Umushikiranganji Serges NDAYIRAGIJE yavuze ko Uburundi buzoba bufise ijambo muri iyo banki nk’ibindi bihugu biyihurikiyemwo kandi Reta itahagaritse ishirwaho ry’imigambi kuko hariho umurwi ujejwe imigambi y’iterambere ry’igihugu.

Iryo tegeko rigenga iyinjira ry’Uburundi muri iyo banki y’ubudandaji yemejwe ijana kw’ijana n’abakenguzamateka 39 kuri 39 muri abo hakaba harimwo 4 bari batumye.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s