RDC : Umukuru w’igihugu yirukanye abacamanza barenga 250

Umukuru w’igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, Joseph Kabila, yirukanye abacamanza barenga 250 bakora ico gikorwa badafise ivya ngombwa,nke abakiriye igiturire.

Umushikiranganji w’ubutungane muri Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, Alexis Thambwe Mwamba, niwe yatanze aya makuru ku mboneshakure y’igihugu.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP, ryanditse rimenyesha ko, umukuru w’igihugu yirukanye abacamanza barenga 200 badakwije ibisabwa kugira bemere gukora nk’abacamanza.

Umushikiranganji Alexis Thambwe Mwamba, yavuze ko muri abo bacamanza 256, harimwo abahagaritswe canke bakirukanwa, abandi babiri batanga imihoho, umwe nawe arakukuruka.

Thambwe Mwamba yaneguye bamwe mu bacamanza, ko bafata kandi bagapfunga abantu kugira babakange canke babatere ubwoba,mu gihe baba bikekwa gukora ivyaha, mu ntumbero yo kubanyaga ivyabo.

Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, ifise abacamanza ibihumbi 4000, bakorera mu gihugu cose.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s