Umurundi agira kabiri yirukanwe na Amerika

Fatu NONGA Jocelyne w’imyaka 25, umurundikazi yahora muri Reta zunze ubumwe za Amerika yirukanwe n’ico gihugu, akaba aza gushikanwa mu Burundi kuri uwu wa kabiri, aherekejwe n’igiporisi ca Amerika.

Amakuru atangwa n’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko Fatu NONGA Jocelyne yagirizwa ubusuma, akaba aza gushika ku kibuga c’indege ca Bujumbura kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2018, igihe c’isaha indwi n’iminota mirongo ine z’umurango (13h40), amasaha y’i Bujumbura.

Mu kiringo kidakwira ukwezi, Fatu NONGA Jocelyne abaye umurundi agira kabiri yirukanwe na Amerika, uwaheruka kwirukanwa akaba ari Clement NKURUNZIZA ubu apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi yagirizwa ko yagize uruhara mu bwianyi bwabaye kuri Kaminuza y’Uburundi mu mwaka w’1995.

Clement NKURUNZIZA niwe yari arongoye abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi igihe ubwo bwicanyi buba.

Publicités